N'ubwo ibiganiro

hagati y'impande zose bibandanya, Uburusiya na Ukraine birabandanya biterana

ibisasu, cane cane ku bigo ntanganguvu nyamukuru. Umushikiranganji

wa mbere wa Ukraine, Serhii Koretsky, yavuze ko Uburusiya bwagavye

ibitero mw'ijoro ryakeye ku bigo binini vy’umuyagankuba bitandatu hamwe n'ikigo

gitanga ubushuhe kiri hagati mu gihugu. Yavuze kandi ko ibigo vya gari ya moshi

vyononekaye mu burengero no mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Ukraine. Mu gisagara ca Kherson

kiri mu bumanuko, ishure rimwe ryononekaye inyuma yo guterwa igisasu. Koretsky

yavuze ko abantu n'imiburiburi 14 bakomerekeye muri ivyo bitero vyo mw’ijoro

ryakeye. Kuri uyu wa

gatanu, Ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi bwatangaje ko bubandanya

n’ibitero vy’indege zitajamwo abadereva (drone) ku bigo ntanganvuru mu gisagara

ca Kryvyi Rih no mu karere ka Odessa. Ku rundi ruhande,

Ukraine nayo yongeye gutanguza ibitero bikomeye ku nganda zitunganya igitoro

vy'Uburusiya kuva mu mpera z'ukw’icumi. Mw'ijoro ryakeye, ikivuko ca Ust-Luga

mu ntara ya Leningrad catewe. Ni mu gihe ubushikiranganji

bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi bwatangaje ko drones 627 za Ukraine

zarashwe mu turere 22 tw'Uburusiya, mu ntara ya Crimée/Crimea yigaruriwe

n'Uburusiya no hejuru y'Ikiyaga ca Azov. Buramatari w'intara

ya Leningrad, Alexander Drozdenko, yavuze ko amadrone 150 yarasiwe mu

kirere. Yanditse ku rubuga rwa Telegram ko ico gitero cari gitumbereye ku

kivuko ca Ust-Luga mu karere ka Kingisepp. Yavuze ko amwe

muri ayo madrone yateje umuriro wakomerekeje abakozi batatu, ariko ko ubuzima

bwabo butari mu kaga. Ico kivuko ca Ust-Luga kimaze igihe kigabwako igitero vya

drone. Mu ntara ya Smolensk,

mu gisagara ca Yartsevo, ibisigarira vy’amadrone vyaguye ku nyubakwa

y'amagorofa menshi biteza umuriro vyongera bihitana n’abantu babiri, nk'uko buramatari

Vasily Anokhin yabitangaje. Ayandi makuru ushobora gusoma: Nta kimenyetso na kimwe cerekana ko Putin yoba yiyumvira guhagarika intambara muri Ukraine Amerika yemeje kugurisha misile 500 za Patriot kuri Ukraine Ukraine: Ibiganiro vy'amahoro vyasubiye gutangura, buri ruhande rushaka impinduka